Abantu turasa ariko ntidusangiye imitima hari abo urweze barangwa n'urukundo imbere y'abandi n'abandi aho ugeze bakuvuma ukamengo nturi umuntu bakagutera agahinda kumutima utari uvyiteze n'abandi bakugirira umwikomo ntibabikubwire bakakureka ariko umutima wo atamahoro ufise none mwese murinze iki muguharanira amahoro hari abagowe bamana amaganya je ndabibabwiye
niwihorere ko we baguhevye twe turakwibuka nakare ngo amosozi y'umugabo atemba aja mu nda na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza umuntu wese afise uko imana yamugeneye kubaho
ikintu gihahamura umutima ni akarenganyo umuntu aracinyizwa bakamurengera agateka ariko abuze ikimuremesha ashobora guta ukwizera akabona yuko imana yo isa niyamuhevye igitangaje nuko imana yatugeneye igihe ugira neza ukora nabi imbere yayo uzoshika wishura ariko hari abibaza ko ngaha kw'isi vyose ari ivyabo amaruhiro uwo musi uzoshika twe tukavyishura
niwihorere ko we baguhevye twe turakwibuka nakare ngo amosozi y'umugabo atemba aja mu nda na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza umuntu wese afise uko imana yamugeneye kubaho
nakare imana yaduhaye ubwenge kugirango dukore ariko sivyiza ko twebwe duca tubukoresha nabi yaraduhaye amabwirizwa kugira ntituyarenge twayahawe n'uwuganza ijuru n'isi we yaturemye none iyi si yacu kuki yirirwa mugicumuro no mu ntambara abantu bagatikira kandi twese twari abavukanyi muntu wese waremwe aha kw'isi nukorere imana ntuzomaramare uwo musi wo gushikayo ukugezeho